Amakuru
13 février 2021

Abana b’abigeme batwara inda batipfuza ku bwinshi, be n’ingo zitari nke zasambutse, izo ni zimwe mu ngaruka zavuye ku kiza ca Corona mw’ikambi y’impunzi ya Mahama

Abana b’abigeme batwara inda batipfuza ku bwinshi, be n’ingo zitari nke zasambutse, izo ni zimwe mu ngaruka zavuye ku kiza ca Corona mw’ikambi y’impunzi ya Mahama iri mu buseruko bw’igihugu c’Urwanda. Bamwe mu bavyeyi barereye ibibondo muri iyo kambi, bakabona ko ubukene bwaciye bwiyongera kubera batari bagishobora gusohoka ngo baje guca ingero hanze y’ikambi, bikaba vyanatumye n’ivyahora bihuha aho mw’ikambi bihuhuka.