Amakuru
3 septembre 2021

Abamenyeshamakuru 2 barashinzwe ijisho n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Amajambo yo kuryagagura abamenyeshamakuru babiri, Antoine Kaburahe na Esdras Ndikumana yakoreshejwe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, arerekana neza ko umwuga wo kumenyesha amakuru ugifise intambamyi nyinshi mu Burundi. Bivugwa na Arnaud Froger, arongoye Reporters Sans Frontières ku mugabane wa Afrika. Akaniyamiriza amajambo yakoreshejwe n’Umukuru w’igihugu abona ko ari amajambo ashobora kugira ingaruka mbi cane kuri abo bamenyeshamakuru 2 bavuzwe, eka mbere no ku bandi bamenyeshamakuru bose bakorera mu Burundi.