Amakuru
29 avril 2023

Abakozi barenga 400 ba leta ntibazoronswa umushahara ku gihe kubera hari abahembwa batabaho

Imishahara y’abakozi ba leta bagera ku 432 yarahagaritswe muri uku kwezi kwa Ndamukiza. Ni inyuma y’aho ubushikiranganji bw’Abakozi n’akazi bwiketse y’uko hari abakozi bariho ku mazina gusa ariko badakora, kandi bagahembwa. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’Abakozi n’akazi mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Déo Rusengwamihigo atumira abakozweko n’iyo ngingo kwegera ubuyobozi bukuru bw’abakozi ba leta bitwaje ibibaranga hamwe n’urwandiko rwemeza ko bakiri ku kazi.