Amakuru
30 juillet 2021

Abakora amabi yo kunyuruza abantu bari mu bigira ko bari mu nzego z’umutekano

Umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi aremeza ko muri ino minsi mu gihugu hari abantu bariko barahagarikwa abandi bakaburwa iregero. Kubwa Sylvestre Nyandwi, abakora ayo mabi yo kunyuruza abantu bari mu bigira ko bari mu nzego z’umutekano. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, umushikirizamanza mukuru wa Republika yamenyesheje kandi ko hari abantu bavugwa ko babuzwe irengero kandi bahambije imirwi irwana.