Amakuru
29 avril 2022

Abakenyezi ni bo bategerezwa kwerekana ko bakwiye gushirwa imbere

Abakenyezi bari bakwiye kwijukira kwitoza bakaja mu nzego zifata ingingo kugira ngo baduze ibitigiri vy’ababaserukira mu nzego zo hasi. Bishikirizwa na Anatolie Ndayishimiye, umuhuzabikorwa w’Urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB. Anatolie Ndayishimiye agasaba imiryango y’abo bakenyezi ko yobashigikira muri ico gikorwa.