Amakuru
28 février 2023

CAFOB irasaba ko amasezerano y’i Maputo yoshirwa mu ngiro mu Burundi

Leta y’Uburundi irahamagarirwa gushira mu ngiro amasezerano y’i Maputo. Ivyo ni ivyashikirijwe na Espérance Nijembazi, arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi CAFOB, mu nyigisho ryatanguje ku gateka k’umukenyezi zatanzwe ku ndongozi kuri uyu wa mbere itariki 27 Ruhuhuma. Ku bwa Espérance Nijembazi, ngo ibiri muri ayo masezerano vyokurikizwa, n’aho harimwo ingingo zimwe zitarumvikanwako.