Amakuru
17 mars 2023

Ubukene ni bwo butuma abana b’abigeme baheba amashure mu Burundi

Abamenyeshamakuru bahamagarirwa kugira uruhara mu vyo kurwanya umurindi w’abigeme baheba amashure. Vyashikirijwe na Madone Kanyamuneza, ajejwe umugambi w’inyigisho EDUFAM mw’ishirahamwe CAFOB. Akamenyesha kandi ko igituma nyamukuru abana b’abakobwa baheba amashure ari ubukene. Hakaba hari kuri uyu wa 15 Ntwarante mu ruganda rw’abamenyeshamakuru.