Amakuru
11 novembre 2023

Abakenyezi n’abigeme 186 barakorewe amabi atandukanye mu mezi 10 gusa (umuhari Inamahoro)

Mu minsi 15 isekeza ryo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi rizoba ritanguye. Akaryo ku muhari Inamahoro ko guhamagarira abakenyezi b’Abarundikazi kwitabira bivuye inyuma iryo sekeza, kugira amabi abakorerwa ashobore gutuzwa. Jacqueline Habonimana, umunywanyi w’umuhari Inamahoro, afatira ku karorero k’icirwa uwo muhari wakoze kuva muri Nyakanga 2022 kugeza muri Ruheshi 2023, aho abakenyezi n’abigeme 186 bakorewe amabi atandukanye.