Amakuru
15 novembre 2023

Abakenyezi bategerezwa gufata iya mbere mw’iterambere ry’igihugu (Umuhuza)

Abakenyezi bahamagarirwa kuba akarorero mw’iterambere ry’igihugu. Ako ni akamo baterwa n’umuhuza w’Abarundi. Aimée Laurentine Kanyana yabivuze igihe yariko yugurura ibikorwa vyo kwungura ubwenge abakenyezi b’imboneza bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ku bwiwe, ngo abakenyezi bafise ububasha kurusha abandi bwo kubaja imbere muri iryo terambere kubera igitigiri kinini cabo n’ukubera uruhara rwabo mu ndero baha abana.