Amakuru
11 mai 2022

Abakenyezi bakwiye kugira uruhara mu kurwanya ikumirwa bakorerwa

Abakenyezi n’abigeme bari bakwiye kuja hamwe bakaraba icokorwa kugira ngo uburenganzira bwo kuronka akazi baburonke nk’uko amategeko yabishinze. Bishikirizwa na Jacqueline Habonimana, ari mu muhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Abivuga mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’abakenyezi ». Jacqueline Habonimana amenyesha kandi bagiye kuzorabira hamwe inzitizi zibangamira abakenyezi n’abigeme kugira ngo bazirandurane n’imizi.