Amakuru
15 mars 2024

Abakenyezi bakwiye gufashanya kugira ntihagire uwusigara inyuma mw’iterambere (Inamahoro)

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ni akaryo keza ko kwiyemeza guharanira agateka k’umwigeme n’umukenyezi mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Biri mw’itangazo ryasohowe n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mu gusozera indwi yahariwe umukenyezi. Umuhari Inamahoro utera akamo gufashanya, gushigikirana no kwigishanya kugira ntihagire umukenyezi asigara inyuma mw’iterambere.