Amakuru
18 janvier 2023

Abahutu 691 n’Abatutsi 226 bitezwe mu kibazo ca nyuma c’ukwinonora imitsi muri ISCAM ku wa 21 Nzero

Imiyabaga 1 122 ni yo yakoze ikibazo co kwinjira muri kaminuza ya gisirikare ISCAM, hari kuri uyu wa gatandatu uheze. Muri abo, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko harimwo Abahutu 691, Abatutsi 226, hamwe n’abo mu bwoko bw’Abatwa 7. Mu bitavye ico kibazo kandi harimwo abigeme 200. Colonel Floribert Biyereke akavuga ko inyuma y’ico kibazo, hariko haratunganywa ikibazo co kwinonora imitsi kizoba ku wa 21 Nzero 2023.