Amakuru
10 novembre 2023

Abasirikare b’Abarundi bari muri Congo barasabwa gufata ingingo zibereye ku bitero vya M23 (FDNB)

Umurwi wa M23 hamwe n’iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho yarasubiye kugira ibitero mu turere dutandukanye two muri Kivu ya ruguru mu gihugu ca Congo. Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kane itariki 9 Munyonyo n’igisirikare c’Uburundi, colonel Floribert Biyereke, umuvugizi waco, aranegura ko M23 yabujije abasirikare b’Uburundi kurengana incuro zibiri, akamenyesha ko ivyo bidashobora kwihanganirwa na gato. Agasaba abasirikare b’Abarundi bari muri Congo gufata ingingo zibereye kugira iyo ngendo ihagarare.