Amakuru
6 septembre 2023

Ibihano bizofatirwa umuntu wese asanzwe afise imyambaro ya gisirikare

Indwi zibiri, ni co kiringo cahawe abantu bafise impuzu zisa n’iz’igisirikare kugira bazitange mu makambi abegereye. Bikaba binabujijwe ko izo mpuzu nyene zongera kugurishwa canke gukorwa bidaciye mu nzira zizwi n’amategeko. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’igisirikare ku munsi wa mbere itariki 04 Nyakanga. Colonel Floribert Biyereke, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, amenyesha ko ibihano bizofatirwa abazonana kuri iryo tegeko. Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere.