Amakuru
25 septembre 2021

Abaharanira agateka ka zina muntu barasaba ikindi kiringo umurwi ugira amatohoza ku Burundi

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yo mu Burundi, ayo mu karere na mpuzamakungu ahamagarira igisata ca ONU kiraba ibijanye n’agateka ka zina muntu gushigikira ingingo yongera ikiringo umurwi wa ONU wigenga ugira amatohoza ku Burundi. Kubw’ayo mashirahamwe, ni nkenerwa ko ico gisata ca ONU kibandanya gikurikirana ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kikongera kigakinga ayandi mabi ashoboka mu Burundi. Kurikira umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe ACAT-Burundi, kw’izina ry’ayo mashirahamwe.