Amakuru
1 octobre 2021

Abaharanira agateka ka zina muntu baranezerewe n’irekurwa rya Fabiyano Banciryanino

Inyuma y’umwaka ari mu munyororo, Fabiyano Banciryanino yahoze ari umushingamateka yarekuwe kuri uyu wa gatanu. Yari yafashwe kw’igenekerezo rya 02 Gitugutu umwaka uheze. Umushikirizamanza akukira sentare nkuru ya Ntahangwa yari yamwagirije ko yatutse umukuru w’Igihugu mu majambo yavugiye mu nama nshingamateka muri Ntwarante umwaka w’2020. Kubwa Yves Runyagu, uwanonosoye amategeko, inzego z’ubutungane z’Uburundi zari zikwiye kwikubita agashi ntizize zirafungira abantu ubusa. Ariko akavuga ko ata woreka gushima kubona Fabiyano Banciryanino yarekuwe.