Amakuru
17 mars 2023

Abaharanira agateka ka zina muntu 5 bagiye kubandanya bapfunzwe n’aho leta iguma isabwa kubarekura

Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa yarashimangiye urubanza rwa sentare nkuru y’iyo komine rwo kugumiza mu munyororo abaharanira agateka ka zina muntu batanu ku munsi wa gatatu. Bakaba bapfunzwe kuva ku wa 14 Ruhuhuma mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi, riranegura inyifato ya leta yo gupfungira abantu ubusa, kuko ivyo bagirizwa bitagira aho bifatiye. Umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye iryo shirahamwe, ahamagarira abategetsi b’Uburundi ko boreka kubandanya barenganya abantu kuko bicafuza isura y’igihugu.