Amakuru
16 janvier 2024

Abaganga b’Abarundi baja gukorera mu mahanga, biratera amakenga ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu

Abaganga bagenda kurondera ubuzi mu mahanga babandanya biyongera ku murindi uteye ubwoba mu Burundi. Yishura ku bibazo vy’abakenguzamateka ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 9 Nzero umwaka w’2024 mu ngoro y’amakoraniro i Gitega, umushikiranganji w’Amagara y’abantu yaremeje ko ico kibazo kihari, akabona ko ikibazo nyamukuru ari agashahara n’uturusho tugenewe abaganga bakora mu bitaro vya leta.

None ko ikibazo camaze kumenyekana, hakwiye gukorwa iki mu maguru masha kugira umurindi w’abaganga bagenda ugabanuke ?