Amakuru
5 août 2023

Ababa mu makomine ni bo ba mbere bakwiye gushikirwa n’imigambi y’amakomine

Hari imigambi myinshi yari yagenewe amakomine ariko itigeze ija mu ngiro. Ivyo binegurwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe, abivuze mu gihe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Myandagaro hasanzwe hahimbazwa umunsi wahariwe amakomine. Iryo shirahamwe rikababazwa n’uko kuva uwo munsi ushingwa ata karusho biragirira abanyagihugu. Ritanga akarorero k’umugambi PDRE wahawe amafaranga arenga imiliyaridi 50 ariko ntihagire ico bihindura ku buzima bw’abo wagenewe.