Amakuru
7 juillet 2022

Aba Islam baronkejwe uruhusha rwo kubaga ibitungwa ku munsi mukuru wabo bisunze amategeko bahawe

N’aho indwara y’ibitungwa izwi kw’izina ry’inyonko yo mu kiyaya ca Rift yamaze kwizizira intara 13 z’Uburundi, ubushikirananji bw’Ubworozi buhejeje guha uruhusha rudasanzwe aba Islam bo mu Burundi kugira baze bashobore kubaga ibitungwa ku munsi mukuru wabo wa Aïd al-Adha. Serges Nkurunziza, umuyobozi mukuru w’Ubworozi, yabimenyesheje ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Yaboneyeho akaryo ko guhumuriza aborozi ko abahinga b’ubushikiranganji bariko barakora ibishoboka kugira hazotangure isekeza ryo gucandaga ibitungwa mu kwezi kwa Myandagaro 2022.