Amakuru
9 octobre 2021

Urubanza rwaciriwe Tony Germain Nkina rucafuza urwego rw’ubutungane

Umushingwamanza Tony Germain Nkina nta kindi afunzwe azira atari ukwo yabaye umukozi w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabafunzwe (APRODH). Bivugwa na Pierre Claver Mbonimpa, arongoye iryo shirahamwe. Abivuze inyuma y’aho sentare iciriye urubanza rwo gufungwa imyaka itanu uwo mushingwamanza. Pierre Claver Mbonimpa agasaba abarongoye igihugu kureka kubandanya bashira imbere urwanko.