Amakuru
5 juin 2024

Integuro y’amafaranga azokoreshwa mu 2025 iteye amakenga kubona itarashika mu Nama nshingamateka

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta rirababajwe n’integuro y’itegeko leta izokoresha mu mwaka uza hatabanje kwumvirizwa ivyiyumviro vy’amashirahamwe yigenga nk’uko leta yari yavyemeye. Ivyo binegurwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere. Ku bwiwe, integuro y’iryo tegeko ihonyanga amabwirizwa yofashije kwizeza abanyagihugu kuri ayo mafaranga ko ari itegeko ryisunze ineza yabo. Akarorero atanga ni uko hageze aya mango iyo nteguro itarashikirizwa Inama nshingamateka, mu gihe yategerezwa kuba yashikirijwe ku wa 01 Ndamukiza.