Uburundi buracari kure ku bijanye n’ukuba akarorero muri Afrika mu gihe impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 300 zikibarizwa mu bihugu bibanyi. Kubw’umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike (FORSC), Uburundi ngo burangwamwo nyabuna ihonyangwa ridasanzwe ry’agateka ka kiremwa muntu. Kandi ayo mabi akorerwa Abarundi ngo yatumye ibihugu bitandukanye kw’isi, harimwo n’ivyo mu Bumwe bwa Afrika, bishigikira irungikwa mu Burundi ry’intumwa idasanzwe ya ONU izosuzuma ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Vital Nshimirimana akaba yabivuze inyuma y’aho umukuru w’igihugu avugiye ko Uburundi ari akarorero muri Afrika, akaba yabivugiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura avuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika, hari ku munsi wa mbere uheze.
Amakuru
10 février 2022