Amakuru
3 février 2022

Ugusubiza hamwe kw’Uburundi n’Urwanda kurabandanya, n’aho hari ivyo batarahurizako

Igihugu c’Uburundi n’ic’Urwanda biri mu nzira nziza yo kugirabisubire kugira imigenderanire myiza. Ibi vyemezwa na Albert Shingiro, umushikiranganji ajejwe Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Akaba yabishikirije mu gihe yariko atanga icegeranyo c’ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu kiringo c’amezi atatu ya nyuma y’umwaka uheze w’2021. Albert Shingiro akamenyesha ko Uburundi bwipfuza ko Urwanda rutanga abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015.