Amakuru
2 février 2022

Uguhagarika akazi mu gihe ufise ivyo usaba umukoresha bitegekanywa n’amategeko

Abigisha ngo barafise uburenganzira bwo guhagarika akazi mu gihe bafise ivyo basaba badahonyanze amategeko. Bishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Abishikirije inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesheje ko abigisha badashobora guhagarika akazi muri kino gihe. Kubwa Marie Louise Baricako, ngo umukuru w’Igihugu ntariko ararangura igikorwa ciwe : kuba Sebarundi n’uguhuza bose.