Abantu barenga imiliyoni 5 nibo barwaye indwara ya Malariya mu Burundi mu mwaka uheze w’2021, n’ukuvuga ko ico gitigiri ciyongereye ibice 30% ku bitigiri vy’abarwaye vyo mu mwaka w’2020. Ariko rero, nk’uko biri mu cegeranyo c’igisata ca ONU OCHA kiraba ivyo gufasha abahuye n’ibiza, abapfa baragabanutse bavuye ku barenga 2500 bapfuye mu 2020, baja ku barenga 1500 bapfuye mu mwaka w’2021. Ibice vy’Uburundi vyabangamiwe gusumba ahandi akaba ari mu buraruko bushira ubuseruko, n’uburaruko bushira uburengero. Tukaba tubigarutseko mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka Kawe, radio RPA hamwe na Télévision Renaissance.
Amakuru
1 février 2022