Leta y’Uburundi iherutse gutanguza urusansuma mu bakozi ba leta no mu mashirahamwe mvamahanga. Muri ayo matohoza yasabwe n’Inama nkenguzamateka ibicishije mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagati, mu mpapuro z’umwidondoro zuzuzwa harimwo amamuko n’ubwoko. Izo mpapuro zikaba ziza zarashikirijwe abarongoye abandi mu gihugu. Mu Runani ruhamagarira Abarundi kuba intungane RCP, urwo rusansuma rushingiye ku bwoko ntirwari rukwiye kubaho uno munsi, narirya umukuru w’Igihugu adasiba guhamagarira Abarundi ngo bavavanure n’ibibatandukanya bifatiye ku bwoko, mu kwubaka Uburundi bushasha. Bivugwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani. Aributsa ko mwene ayo matohoza ashingiye ku bwoko yakozwe kuva mu mwaka w’2018 ariko ivyayavuyemwo bitigeze bimenyeshwa Abarundi. Gervais Nibigira agasaba ko urwo rusansuma rwohagarara mu maguru masha.
Amakuru
28 janvier 2022