Amafranga yakoreshejwe mu bikorwa vy’iterambere ni make cane mu mezi atandatu aheze. Vyemezwa n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Domitien Ndihokubwayo yabivuze ariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye muri ico kiringo. Agasigura ko ari ukubera amasoko ya leta yatanzwe ari inkehwa kubera inzira bifata kugira atangwe. Ariko rero uwo mushikiranganji yemeza ko ubushikiranganji bwiwe bwakoze neza muri ayo mezi.
Amakuru
27 janvier 2022