Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uributsa abategetsi b’Uburundi ko gushika ubu abakenyezi batararonka uburenganzira bwo gutorana itongo. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Umuhari Inamahoro ugasaba umukuru w’Igihugu c’Uburundi gutunganya amategeko yo gutorana ku bakenyezi.
Amakuru
8 janvier 2022