Amakuru
6 janvier 2022

Tanzaniya ibandanya kwongereza ibikorwa vyo gutuntuza impunzi z’Abarundi ziba mw’ikambi

Igipolisi ca Tanzaniya carasambuye amazu y’ubudandaji gitemagura n’imirima y’impunzi z’Abarundi mw’ikambi y’i Nyarugusu. Abo bapolisi babifadikanijemwo na bamwe mu bajejwe intwaro. Ico gikorwa kikaba catanguye mu gitondo co kuri uyu wa gatatu. Abaharanira agateka ka zina muntu bakaba banegura iyo nyifato y’abajejwe intwaro ba Tanzaniya, mu gihe ico gihugu nyene gisanzwe carateye umukono ku masezerano akingira impunzi. Kurikira Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC.