Amakuru
31 décembre 2021

Uguheba amashure kw’abana ni ikibazo gikomeye gikwiye kurondererwa umuti uramye

Abana baheba ishure baguma biyongera mu mashure y’intango atandukanye yo mu ntara ya Bubanza twafasheko akarorero. Imvo nyamukuru ni ubwinshi bw’abana mu mashure, bakiga bicaye hasi, leta nayo ntiheze ngo ibaronse uburyo bwo gukurikirana amashure mu buryo bwiza. Ivyo biharuro vy’abana baheba amashure mu Burundi bikaba biteye impungenge. Muri iyi myaka ibiri iheze, buri mwaka w’ishure abanyeshure baheba baharurwa mu bihumbi amajana. Ubushikiranganji bw’indero bwerekana ko abana bo mu mashure y’intango aribo baheba gusumba abandi. Abana, abavyeyi be n’abigisha baremeza ko habaye guheba amashure muri kino gice ca mbere ku rugero rutari rumenyerewe. Ni mu rukurikirane rw’ikiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » mushikirizwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba, radio RPA na Télé Renaissance.