Amakuru
30 décembre 2021

Iyinjira ry’igisirikare c’Uburundi ku butaka bwa Congo rigira ingaruka ku banyagihugu

Iyo abasirikare b’Uburundi binjiye mu bihugu bibanyi bajanywe no gukora ibikorwa bimwe bimwe bifatwa nk’aho ari igitero. Vital Nshimirimana, arongoye ururani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi (FORSC) abivuze inyuma y’aho hariho abasirikare b’Abarundi binjiye mu gihugu kibanyi ca Congo, bavuga ko bagiye kurwanya imirwi y’iterabwoba iri muri ico gihugu kibanyi. Vital Nshimirimana avuga ko iyo rero ico gitero kibaye kigira ingaruka mbi ku banyagihugu.