Amakuru
1 janvier 2021

Ingingo zo kwirinda ikiza ca covid 19 zarafashwe kuva ico kiza cibonekeza mu gihugu c’Urwanda

Ingingo zo kwirinda ikiza ca covid 19 zarafashwe kuva ico kiza cibonekeza mu gihugu c’Urwanda. Ariko impungenge ni nyinshi mu banyagihugu kuko abantu baguma bapfa, ibitigiri vy’abandura casubiye kwiyongera cane. Dr Sabin Nsanzimana, umuyobozi mukuru w’ikigo c’ubuzima RBC, akaba amenyesha ko ibitigiri vy’abarwayi vyiyongereye cane, agahanura abanyagihugu bose kurushiriza kwirinda cane cane muri iki gihe c’imisi mikuru ngo kugira urucanco rwa Covid 19 ntiruzosange ico kiza cabarushije inguvu kandi ingingo zikwiye zo kwirinda zari zafashwe.