Amakuru
23 décembre 2021

Uburyo bwose bwokoreshwa kugira amakori yose yinjire mu kigega ca leta

Hari uburyo bwinshi ngo butinjira mu kigega ca leta. Ivyo ni ivyashikirijwe na Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Hari kuri uyu wa kabiri aho hahimbazwa umunsi wahariwe umutozakori. Domitien Ndihokubwayo akavuga ko ubwo bushikiranganji bugiye guhinyanyura amategeko n’amabwirizwa ahasanzwe kugira gutanga amakori vyorohe kandi bijemwo umuco.