Guhera mu ntango z’ukwezi kwa Nzero 2022, hagiye gushirwaho umuhora umwe wo mu buhinga bwa none abarangurira hanze imbuto z’ibiterwa be n’imiti ikenerwa mu burimyi bazohora bacako. Déo Guide Rurema, Umushikiranganji w’Uburimyi n’ubworozi, yabimenyesheje kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru. Akaba yamenyesheje ko ubwo buhinga buzotuma hatinjira ibintu bibi vyobangamira amagara y’abantu, ibiterwa canke ibitungwa.
Amakuru
17 décembre 2021