Amakuru
14 décembre 2021

Ni kuki leta idashaka kuvuga neza igitigiri c’abahitanywe n’umuriro i Gitega?

Kubona leta itaramenyesha ibitigiri vy’ukuri eka n’imyidondoro y’abanyororo bishwe n’umuriro mw’ibohero rikuru rya Gitega, ngo ni kimwe mu vyerekana ko ari ibintu vyateguwe na leta. Ibi bishikirizwa na Jérémie Minani, umukuru w’umugambwe w’Ihuriro ry’abaharanira intwaro rusangi mu Burundi (RDB). Akabivuga afatiye ku kungene hari abantu benshi bafise inshingano zo kurinda abanyororo batakoze igikorwa bajejwe kugira abanyororo ntibapfe. Jérémie Minani agasaba leta kwerekana abo bantu bishwe kugira ababuze ababo babahambane iteka.