Amakuru
1 décembre 2021

Abakenyezi ibihumbi 151, nibo bamenyekanye ko bakorewe amabi afatiye ku gitsina hagati y’2010 n’2020

Abakenyezi n’abigeme bashika 151.000 barakorewe amabi afatiye ku gitsina kuva mu mwaka w’2010 gushika mu 2020 mu ntara 18 zose zigize Uburundi. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mw’itangazo uwo muhari wasohoye mu ntumbero yo gutanguza iminsi 16 yahariwe isekeza ryo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Muri iryo tangazo, uwo muhari uhamagarira abagabo kugira urunani n’abakenyezi kugira ngo bakure mu muco w’igihugu ayo mabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.