Amakuru
29 novembre 2021

Amahoro aririmbwa n’abategetsi b’Uburundi aracari kure nk’ukwezi

Nta muntu ashobora kuririmba amahoro hari abanyagihugu ibihumbi bikiri mu buhungiro, abantu batazi iyo ababo banyikiye. Ibi ni ibishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akabivuga afatiye kw’ijambo umukuru w’Igihugu yashikirije ku munsi wo gusozera urugendo rw’Urumuri rw’amahoro. Marie Louise Baricako akabona ko nyabuna umukuru w’Igihugu atoza araririmba ko mu Burundi hari amahoro kandi hakiri ugutandukanya abantu bivanye n’ubwoko bwabo, n’imigambwe barimwo.