Amakuru
20 novembre 2021

Kubona CNDD-FDD iramutswa igihugu ikaba ivuga ko itahura ubwicanyi bwabaye, ni ibintu bikomeye

Ijambo ryashikirijwe na Révérien Ndikuriyo ryerekana ko intwaro ya CNDD-FDD ari intwaro y’abicanyi kandi bigamba amabi bakora. Bishikirizwa na Jérémie Minani, umukuru w’umugambwe w’ihuriro ry’abaharanira intwaro rusangi mu Burundi (RDB), inyuma y’ivyo umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi yavuze ku munsi wa kabiri yugurura icese indwi yahariwe umurwanyi wa CNDD-FDD. Kuri we, ngo nyabuna abanyagihugu bategerezwa kumenya ko umugambwe CNDD-FDD utigeze uhengeshanya mu kwemanga guhamagarira kugira nabi abatavuga rumwe nawo. Agasaba abanyagihugu kudahendwa n’ayo majambo ahubwo bagahagurukira rimwe mu kurwanya iyo ntwaro mbi.