Amakuru
10 novembre 2021

Ubuzima bugoye bw’abanyororo bwunyurwa n’ababaserukira

Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) ngo rirahagaritswe umutima n’ubusuma bukorwa n’abaserukira abandi mu mabohero, ibituma imibereho y’abanyororo yunyuka. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ACAT-Burundi yasohoye kuri uyu wa kabiri. Nk’uko bivugwa na Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, ACAT-Burundi isaba ubushikiranganji bw’ubutungane guhana abakora ubwo busuma, n’ukwishikira mu mabohero kugira barabe uko abanyororo babayeho.