Ingurane igera ku miliyoni 76 z’amadorari y’Abanyamerika yarashikirijwe leta y’Uburundi mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, itanzwe n’ikigega mpuzamakungu FMI. Mw’itangazo Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’Ikigega ca leta, yasohoye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 08 Gitugutu uno mwaka, yamenyesheje ko iyo ngurane ije gutuma ububiko bw’amafranga y’agaciro bwisununura. Domitien Ndihokubwayo avuga kandi ko iyo ngurane izofasha mu guhangana n’ikiza ca Corona.
Amakuru
9 novembre 2021