Amakuru
4 novembre 2021

Ukuboreza igufa no kunyuruza abantu biraciganje mu Burundi

Ukutubahiriza agateka ka zina muntu kurabandanya kwibonekeza mu gihugu. Abantu barenga cumi barahohotewe, abandi benshi baranyuruzwa nk’uko tubisanga mu cegeranyo c’ukwezi kwa Gitugutu 2021 c’ishirahamwe ryitaho ivy’agateka ka zina muntu (IDHB). Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, avuga ko bamwe mu bakora ayo mabi ari bamwe mu bagize inzego za leta. Agasaba ko amakungu atoreka ngo leta iyahume amaso n’amajambo asosa mu gihe ikibandanya guhohotera no kunyuruza abantu.