Umugabane wa Afrika ngo uzotegerezwa kurindira igice ca kabiri c’umwaka w’2021 kugira uronke urukingo rw’ikiza ca Covid-19. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwurongoye igisata kijejwe ibijanye no gukurikirana ivy’ico kiza mu muryango w’ubumwe bwa Afrika. Umuryango w’ubumwe bwa burayi, waratanguje isekeza ry’urwo rucanco muri iyi ndwi. Iryo sekeza rikaba ritanguye mu gihe gikomeye aho habonetse ubundi bwoko bw’ico kiza, hamwe n’abarwanya urwo rukingo.
Amakuru
29 décembre 2020
