Amakuru
28 octobre 2021

Umuti wa mbere kugira ngo ikiza ca Corona kirwanywe mu gihugu, ni uko Abarundi bicandagisha

Inyishu yonyene ihari ku Barundi ngo bikingire ikiza ca Corona, ni uko bokwicandagisha. Birakwiye ko Abarundi bamenya ko babwirizwa kwirwanira ku giti cabo, bakareka kwumviriza amajambo y’abategetsi b’igihugu biyamiriza urwo rucanco. Ubwo ni ubutumwa bwa Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Aho ni mu gihe Abarundi bafise ubwoba bwo kwicandagisha mu gutinya kuvuguruza leta ibabuza kwicandagisha ivuga ko urwo rucanco rudakwije ibisabwa n’amategeko. Marie Louise Baricako agahamagarira Abarundi kurengera ubwo bwoba kuko kuri we ngo ubuzima ni amazi aseseka ntibayore.