Amakuru
22 octobre 2021

Abakoze ubwicanyi bw’abanyeshure 150 mu Kibimba bakwiriye gushengezwa imbere y’ubutungane

Abanyeshure bababa ijana bo kw’ishure ryo mu Kibimba bishwe kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu mu 1993 bunamiwe n’abantu cumi gusa kuri uyu wa kane uheze. Ivyo ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso ribona ko ari akarenganyo mu kutemererwa kwibuka uwo munsi nk’uko bigirirwa abandi. Térence Mushano, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, agasaba ko ubutungane bukora abakoze ako kabi kabishe bagahanwa. Térence Mushano akavuga ko batazocika intege mu rugamba bishinze mu kurwanya ihonyabwoko mu Burundi.