Amakuru
21 octobre 2021

Leta iguma yerekana ko ishaka guhakana ko Abatutsi bishwe mu 1993

Ukutemerera abanywanyi b’ishirahamwe AC Génocide Cirimoso kuja kwibuka abanyeshure bagandaguwe mu 1993, ngo bifise izindi ntumbero zitandukanye n’izitangwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Umwigisha Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe na leta, avuga ko inyuma hinyegeje uguhakana ubwo bwicanyi, gusumba imvo z’ikiza ca Corona nk’uko biri mw’ikete uwo mushikiranganji yishuye AC génocide. Iryo shirahamwe rikaba ryemerewe ko abantu 10 aribo bonyene bazoja kwibuka abo banyeshure kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Gitugutu mu Kibimba, mu gihe ibindi birori bitunganywa ataco binona.