Inyishu umushikiranganji w’intwaro yo hagati yahaye ishirahamwe AC Génocide Cirimoso ngo ni inyishu ibabaje cane kandi ngo yerekana ko leta y’Uburundi icamwo Abarundi imirwi ibiri. Bivugwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishirahamwe AC Génocide Cirimoso, ishami rya Canada. Akaba yabivuze inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati yishuye kw’ikete ryo kw’igenekerezo ya 18 Myandagaro 2021 iryo shirahamwe ryanditse risaba kwibuka imyaka 29 iheze hagandaguwe abanyeshuri b’Abatutsi mu Kibimba. Emmanuel Nkurunziza ati kubona uwo mushikiranganji avuga ko abokwitaba ivyo birori batorenga abantu 10 kubera imvo za Corona, ngo ni urukundo rwa mumpekure, ngo ahubwo ni uburyo bwo gushaka kurwanya iryo shirahamwe AC Génocide Cirimoso.
Amakuru
18 octobre 2021