Leta y’Uburundi yakiriye imfashanyo y’inkingo zatanzwe n’igihugu c’Ubushinwa zigera ku bihumbi amajana atanu (500.000) zo mu bwoko bwa SINOPHARM. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yakiriye izo nkingo yibukije abanyagihugu ko n’aho urwo rucanco rubonetse mu Burundi rutaje gusubirira amategeko yo kurwanya umugera wa Corona.
Journal
15 octobre 2021