Uburundi buriteze kwakira vuba imfashanyo y’inkingo zishika hafi imiliyoni zitatu zo kwikingira ikiza c’umugera wa Corona. Muganga Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu, yabimenyesheje kuri uyu wa mbere. Yibukije Abarundi ariko ko n’aho izo nkingo zoboneka, bitobatuma bareka kubandanya bagendera impanuro zo kwirinda ico kiza basanzwe basabwa gukwirikiza.
Amakuru
6 octobre 2021