Amakuru
5 octobre 2021

Parquet ya Makamba yategerezwa gukora amatohoza ku mabi akorerwa abakora ikibazo co kwigisha

Haraheze iminsi abantu bakoze ikibazo co kwigisha mu ntara ya Makamba baburagizwa. Inyuma y’aho bakoreye ico kibazo, mu ma komine ya Makamba na Nyanza-Lac, bakagitora, haheze indwi bagiye babona bakurwa ku rutonde, mu kibanza cabo hashirwa abandi. Mu nyuma baca bandikira imirwi ishinzwe kwakira ibirego vy’abarenganijwe. Ariko rero abagize iyo mirwi baciye babagirako iterabwoba, bamwe barata baraheba gukurikirana ibirego vyabo kubera ubwoba. Muri ico gihe nyene, hari abayobozi b’amashure muri iyo ntara nyene nabo baciye babatera ubwoba, bavuga ko abo bagize ibirego bashaka kubakuza mu kazi. Ariko icababaje cane abo barenganijwe, n’inyifato y’umuyobozi w’indero mu ntara, Sème Nintunze. Uwo nawe yatumyeko batanu muri bo, umunsi abarengukishije, yabarindirije amasaha arenga icumi imbere y’uko abakira. Hageze ko abakira naho, ha kubumviriza, nawe aca arabakandamiza, kugira banume, bahagarike gukurikirana ibirego vyabo.
Ivyo bikaba vyatumye abatari bake, harimwo abahinga mu vy’amategeko, batera ivyatsi iyo ngendo yo gutera ubwoba abo bantu. Akarorero ni nk’umushingwamanza Yves Runyagu, avuga ko mu bihe nk’ivyo, sentare yotegerejwe guca ikora amatohoza kugira ihane abariko barakora ayo mabi.